- THIS DOES NOT REPRESENT THE THOUGHT OF
AGNEWS -
Amakuru y'umutekano.
Muri iri joro rikeye ry'igenekerezo rya 30 mukakaro rishira irya 31 mukakaro
2006 niho ibara ryaraye riguye muri komine GIHOSHA ,i komine jewe ubwanje
ntuyemo,haraye apfuye abantu batatu(3) ubwo nyene nabandi bashika kuri cumi n'indwi
(17)bakomeretse cane;iryo bara rikaba ryabereye mu tubare(BAR)tubiri
tunyuranye ,aho bita KUMUTAKA na kandi bita LA CONFIANCE haswi cane kw'izina
rya DOUANIE.Utwo tubare twombi turi muri Komine imwe hakaba hari intervalle yi
metero 500(500 m) gusa hagati yatwo.
Jewe ntuye neza neza hagati yutwo tubare(nukuvuga kamwe kose kugira
ndagashikire harinda urungendo rwa 250 métres gusa.
Iryo bara ryabaye igihe c'isaha imwe ni minota mirongine (19h40)aho habanje
kumvikana ama grenade atatu,abiri yavugiye aho bita KUMUTAKA iyindi imwe
yumvikanira aho bita kwa DOUANIE,iryo vyose vyabereye kw'isaha imwe ni minota
imwe.
Gushika nubu ntawuramenya uwagize ivyo bitero kuko atanumwe mu babikoze yigeze
afatwa.Ico twabamenyesha gusa twobamenyesha ko aho KUMUTAKA ari BAR imyweramo
aba hutu cane,aho hakunda ku mywera abasirikare ba leta bo murwego rwo hejuru
bahora bari mu mihari yahora irwanya leta,aho ko DOUANIE hoho ni BAR wumu
tutsi ikunda kumyweramo abantu bo mu bwoko bwose ariko ahanini kabonekamo cane
abahutu.
Turacakurikirana ivyaho tuzoguma tubamenyesha ibizoba vyaratohojwe.
Ministre Général de brigade Evarist nawe nyene asanzwe aba muri iyo Komine,niwe
yaciye ahaguruka na ba police batari bake baja kuraba iryo bara mugabo nta
ntumwe bashoboye gufata.Twobibutsa ko uyo mushikiranganji ariye nubu arongoye
intumwa za leta aho ziri mu biganiro biyihuza nu muhari Palipehutu Fnl akaba
yari yaje mu karuhuko ino i Bujumbura.
AGNEWS 2006