- THIS DOES NOT REPRESENT THE THOUGHT OF
AGNEWS -
ONUB iratera akamo Leta.
Mw'itangazo ibiro bikuru vya ONUB ino
mu Burundi ryashikirije,hari ejo ku musi wa kabiri italiki 27/06/2006;ryavuga
ukuntu leta y'uburundi iguma isinzikaza agateka ka zina muntu,igatanga
akarorero ku munyamakuru Aloys KABURA gushika nubu akiri mw'ibohero kandi
amerewe nabi cane kubera ahantu afungiwe,igasubira igatanga akarorero kuri
Térense NAHIMANA nawe nyene akiri mw'ibohero rikuru rya MPUMBA ngaha i
Bujumbura ahorwa ivyiyumviro vyiwe.Nu tundi turorero twinshi twerekana ingene
leta y'uburundi iguma ihonyanga agateka ka zina muntu.
ONUB iheraheza itangazo ryayo igabisha leta yuko ishobora kuja mu mugwi y'ibihugu
vyahariwe ivomo hamwe itokwikubita agashi.
N'iki vyukuri gituma leta ishaka kugurisha indege
umukuru w'igihungu yahora agiramo?
Nkuko bitangazwa na leta y'uburundi,indege umukuru w'igihugu yahora igiramo
yoba iriko iragurishwa,ariko ivyo bigatera amakenga abantu benshi.Nkuko inkuru
zidushikira zibivuga neza;leta y'uburundi yarabonye ko yemeye ivyo idashoboye
mukwemerera abana bari mu mashure y'intango ko bokwiga atamahera batanze,irasubira
ati:abavyeyi bazoja baribarukira kwa muganga nta mahera bazoja baratanga eka
n'abana bari munsi y'imyaka itanu(5)ko boza baravurigwa ubuntu;ariko ivyo
vyose babivuga batabiteguye neza basanga amafranga leta ikwiye gukoresha muri
uyu mwaka ari menshi cane kuyo bafise.Hariho n'utundi tuntu leta yèagumye
ishaka gukora ariko biranka none ngivyo bitanguye gutuma tugurisha nutwa
twaridufise kubera ubube gito bwa leta.
Si ivyo vyonyene leta ishaka kugurisha,imiduga myinshi ya leta nayo igira
igurishwe.
Nkuko bivugwa rero,hari inkuru zemeza neza cane ko BANKI Y'ISI YOSE(Banque
mondiale)idashigikiye na gatoyi iryo gurishwa y'ibintu vya leta.
AGNEWS 2006