AGnews

                                       

  I BUJUMBURA  BASUBIRA KUMVIRIZA ...

SNAPSHOTS IN THE STREETS OF BUJUMBURA
WITH THE KIRUNDI
  -

AGNEWS -  P.B. - BUJUMBURA,   23/05/2006
 


- THIS DOES NOT REPRESENT THE THOUGHT OF AGNEWS -

BASABOSE MURI SENTARE ...

Ejo haheze ingenekerezo rya 22 rusama 2006,niho ngaha i Bujumbura basubira kumviriza muri sentare urubanza rwa Basabose yitwarira ugukugwa mu mugabwe Cndd-Fdd. Nkuko vyumvirijwe,ababuranira umushingamateka Basabose basavye sentare ngo ibahe inyandiko ziriko ibirego vyose vyagizwa uyo mushingamateka Basabose;vyavuzwe nu mugabwe yarasazwe akomokamo,niho sentare yaciye isaba uwaje aburanira umugabwe cndd-Fdd;gushika nubu abantu bataramenya ko,uyo muntu yanje kugahanga ka Cndd-Fdd canke yanje mukibanza c'umushingamateka Radjabu.
Ariko rero ikigaragaje caneeee,nuko imbere ya sentare hari abantu benshi bambaye umwambaro y'umugabwe Cndd-Fddnugizwe cane cane nurwaruka na bakenzi benshi bavuka muri Commune Buyenzi ;bafise inyandiko zo guywoza umushingamateka basabose ;bimwe ngo nababwe ibindi nga turiyamije Basabose umunyonyezi nibindi nibindi...
Ivyo vyose naho vyaruko,kandi vyagaragara neza cane atagukekeranya ko hariho uwabarungitse kandi yari nk'imyiyerekano;abajejwe umutekano niho bari kandi ntantakimwe babangize,mugabo babonye abanyamakuru bashitse niho baca batagura kubaka ivyo vyandiko banabitabura kugira nihagire nakimwe berekanya mu masanamu yabo.
Ibi vyose bica vyibutsa abantu aho mu misi mike cane iheze,umushikiranganji y'ubucamanza yavugiye kuri radio yuko,umuntu wese bazosubira kumva canke kubona ariko arahwoza LETA ko azoca afatwa agafugwa nkuko twabibonye ku mushingantahe Thérense NAHIMANA gushika nubu agifuzwe yagirizwa ivyiyumviro vyiwe.Abantu bagatangazwa niyo Demokarasi barimo iyariyo.Mugabo bagire bareke ntabo batera ubwoba kuko abarundi bamaze kuboina icatsi n'ururo.

 

UMUNTU YARISHWE

hari kumusi y'Imana igenekerezo rya 21 Rusama 2006,aho muri commune Bwiza ngaha mugisagara ca Bujumbura,kw'ibarabara rya 4.kukabare kubunyoro abakozi babiri(2) bashamirana bo muri ako kabare,umwe atora imbugita acumita mungenzi we,nuko aca yitaba Imana.

1