REPUBLIQUE DU BURUNDI                                                                REPUBLIKA Y’UBURUNDI

Conseil National pour la                                                                               Inama y’Igihugu

Défense de la Démocratie                                                                             Igwanira Demokarasi

Forces pour la Défense                                                                                  Ingabo Zigwanira

de la Démocratie                                                                                            Demokarasi

CNDD-FDDTel :00257.933 166                                         

cndd-fdd@burundi-info.com                                                                          http//www.burundi-info.com

Organigramme : Alternative: Tel : 00257-985497
E-mail : cndd-fdd @burundi-info.com
Site:  www.burundi-info.com

ITANGAZO No 79/ CNDD-FDD/ KU WA 30 KIGARAMA  2003

UMUHARI CNDD-FDD URIYAMIRIJE WIVUYE INYUMA UBWICANYI BWARAYE BUHITANYE MUSENYERI MISHELI COURTNEY YASERUKIRA PAPA MU BURUNDI .  
 
1.	Umuhari CNDD-FDD uriyamirije ubwicanyi bwaraye buhitanye Uwuserukira Papa mu Burundi Musenyeri  Misheli Courtney . Umwete n-ishaka yagaragaza  mu nzira yo kurondera amahoro n-umwumvikano w-abarundi birerekana ko Musenyeri Courteny yari koko Umwungere yitaho intama Imana yamuragije. 

2.	Isi , Abarundi hamwe n-Umuhari CNDD-FDD turatakaje umugenzi akomeye yaharanira na ntaryo ukuri n-ubutungane mw-isi.  Ntaco atakora mu gushigikira impande zishamiranye na cane cane Umuhari wacu CNDD-FDD mu nzira y-amahoro n-ubwo iyo nzira itari yoroshe , ikaba yarimwo imitego myinshi  ari nayo atevye akarwamwo.
.
3.	Umuhari CNDD-FDD urasavye ushimitse ko mu maguru masha hoba itohoza ry-abantu ataho begamiye kugirango izo nkorabara zimenyekane, zirengutswe imbere y-intahe , ziheze zihabwe igihano gikwiranye n-ukumenja kwabo. Ukudahana ivyaha nta kibanza bigifise hano i wacu . Ni co gituma amategeko ategerezwa gukurikizwa kugira ngo n-abandi boba bagifise agatima ko gukingira inyungu zabo babanje gukora ibara bateshwe bate.  

4.	Umuhari CNDD-FDD urasavye Ekleziya n-Amakungu guhagurukira rimwe kandi vuba , bigashira  ahabona  izimanganywa ry-uwo mukunzi wacu tubuze tutanse. 

5.	Umuhari CNDD-FDD urasavye Abarundi ko boguma mu mutekano , bakaguma bari maso kugira ngo dushobore kuzibukira imigambi mibi y-abo bononyi kandi ntihagire uwucika intege kugirango uyu mugambi wo guhagarika burundu intambara  ushirwe mu ngiro nkuko bitegekanijwe. 

6.	Umuhari CNDD-FDD urasavye Amakungu ko atotererana  Abarundi umugambi wo kugarukana amahoro , kuko ibi vyabaye ari ivyifuzo vy-abansi b-amahoro n-Abarundi. Turasavye kandi dushimitse ko nyabuna inguvu zose zoshirwa hamwe kugira ngo Abarundi twumvikane tubane mu mahoro. 

Ku bw-Umuhari CNDD-FDD Pour le mouvement CNDD-FDD 

Koroneri  Gélase Daniel NDABIRABE

Umuvugizi. 


 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 


«Considérant qu’il est essentiel que les droits de l’homme soient protégés par un régime de droit pour que l’homme ne soit contraint en suprême recours, à la révolte contre la tyrannie et l’oppression, (…) »
(Déclaration Universelle des Droits de l’Homme, Préambule, Paragraphe 3).